Amahera yo Kwunganira Abageze Muzabukuru, azwi nka SSI (Supplemental Security Income), ni programme y’intara iguha amahera kugira ngo wishure ivyakenerwa shingiro nk’ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro. Rimwe na rimwe abantu bita iyi programme Social Security.
Imfashanyo Rusangi (General Assistance), isanzwe izwi nka GA, iva mubisagara n’imiji, nka Portland na Lewiston, igafasha kuriha inzu, n’ibindi vya nkenerwa shingiro mubuzima nk’ibifungurwa n’imiti.
TANF ni impfunyapfunyo y’amajambo asigura Imfashanyo y’Imfatakibanza Ku miryango Ikenye. TANF ifashisha amahera imiryango ifise abana murugo. TANF ishobora gufasha abimukira bamwe bamwe kuriha ivyankenerwa shingiro nk’inzu, chauffage, n’ibindi bintu ushobora gukenera nk’ivyahi vy’abana n’amasabuni.
MaineCare ifasha abantu bahembwa amahera make kuriha ibijanye no kwivuza, nko kubonana na muganga canke kugura imiti.
Woba uzi abimukira bari mu gihugu muburyo bwemewe n’amategeko ariko badashobora kwemererwa MaineCare bivuye kuri statut yabo y’ubwimukira? Barashobora kuronswa imfashanyo yobasahiriza kuriha assurance yo kwivuza. Ibi ni ukuri kubera no mugihe amahera bakorera yoba ari musi y’ibice 100% vy’urugero rw’ubukene canke FPL (Federal Poverty Level), barashobora gusaba assurance y’igihugu yo kwivuza mw’ ishirahamwe rya assurance yo kwivuza rizwi nka Marketplace.
Imfashanyo y’Ibifungurwa (SNAP), isanzwe izwi nka Food Stamps, ifasha abantu kugura ibifungurwa. Uronka ikarata ushobora gukoresha mu kugura ibifungurwa mumaduka adandaza ibifungurwa.
Mbega ndashobora kuronka Imfashanyo y’Ibifungurwa?
Utegerezwa kuba uronka amahera make kugirango uronke imfashanyo. Ntutegerezwa kuba ubana n’abana canke ngo ube ugeze muzabukuru canke umugaye.
Utegerezwa kuba uri muri reta Zunze Ubumwe za Amerika m’uburyo bwemewe n’amategeko kugira ngo uronke Imfashanyo y’Ibifungurwa.
Abimukira bamwe bamwe bahembwa amahera make barashobora kwemererwa kuronka imfashanyo harabwe statut y’ubwimukira.
Maine Equal Justice focuses its work on many of the issues that affect people’s daily lives – access to adequate health care, housing, transportation and childcare; food and income security; and higher education and training. Maine Equal Justice is a 501 c 3 nonprofit organization. Our EIN is 04-3346273.
Proud member of MaineShare | Terms of Use | Support our work with an online donation.
126 Sewall Street, Augusta ME 04330 (Map) • Toll-free: 1-866-626-7059 • FAX: 207-621-8148